,

IKIRǓNDI, INDÂNGAMÚRǓNDI

Posted by

Ku wa 21 Ruhuhúma ukó umwâka utāshé, kw’īsí yöse harahîmbāzwa umǔnsi mpūzamakūngu waháriwe ururími kavūkíre.
Háno mu Burǔndi, ururími kavūkíre ni Ikirǔndi. Ni na rwó rukorêshwa mu gihúgu cöse, mbére rukītwa indângamúrǔndi.

Ikirǔndi, akarānga k’Úmurǔndi

Mu Burǔndi, indími zikorêshwa ni nyǐnshi. Aríko ururími rurāngá Abarǔndi ni ikirǔndi, kukó arí rwo rurími ruvugwá n’Ábarǔndi böse bó mu gihúgu cöse. Kanátsīnda, ingīngo ya 5 y’íbwǐrizwa shīngiro iratōmōra kó ururími rw’ígihúgu arí IKIRǓNDI, mbére rukōngera rugakorēshwa nó mū ntwâro. ‘’ Ururími rw’ígihúgu ni ikirǔndi. Indími zikorêshwa mū ntwâro ni ikirǔndi n’ízǐndi ndími zishīngwá n’íbwǐrizwa….’’.

Ní ahó birí ukó, Ikirǔndi gitēra gísubira inyuma mu miryāngo mbére cîbagirwa.

Ní ahó iryo bwǐrizwa rivugá kó ururími rw’ígihúgu arí Ikirǔndi, gitēra cîbagirwa mu miryāngo cānecâne mu bisagára ahó căsubirijwe n’ízǐndi ndími cānecâne igiswâhíli. Canut NTIBIGĪYÁHO, umukurāmbere wó mu gisagára cā Bujūmbura, arêmeza kó iyo ndângamúrǔndi itagihābwa agacîro mu miryāngo. Abona kó uruhára runíni rwōgirwá n’ábavyêyi kugira Ikirǔndi ntikízimāngane. ‘’Uruhára runíni rwōva mu kigânīro có mu rugó kimwé kěra cǐtwa icó ku zîko’’.
Ku bw’ǔyu mukurāmbere abona kó abavyêyi bōfatá ingīngo hakaba ikiyāgo c’Íkirǔndi hagáti y’ábavyêyi n’âbâna.

Iyo ndângamúrǔndi ntiríko yîbagirwa mu miryāngo gusa…

Ayăndi makēnga yērekanwa na Yóhăni NSHĪMÍRIMÂNA wó murí “zone” Ngagára. Yērekana kó ururími rw’Íkirǔndi rutērá rwîbagirwa mu bikórwa bigenéwe Abarǔndi. Atānga akarorero k’ívyăpa vyērékana ahakórerwa imirimo y’Ábarǔndi cânké birāngá ibikórwa biríko birakórwa bigenéwe Abarǔndi aríko bikāndikwa mū ndími mvâmahănga, ivyo akabigereranya nkó kubá Ikirǔndi kítarǐkūkira mu gihe Uburǔndi bumazé imyâka 63 bwîkūkiye.
Agira ati : ‘’Mu Burǔndi, ivyăpa vyöse biracânditse mu gifarănsa, mbére ibǐndi mu côngeréza, bigatuma Umurǔndi ába kavâmahănga mu gihúgu cîwé.’’
Iki cîyumvīro agihūriyéko na Canut NTIBIGĪYÁHO. Wé ababazwa kó nó ku butumíre bwó mū mănza zihūzá Abarǔndi ubwăbo butāngwá bwânditse mu ndími zitarí izăbo. Ivyo bakabibona nkó gutêsha agacîro ururími rw’Íkirǔndi kăndi arí yo ndāngamūntu y’Úmurǔndi w’úkúri.

Mu rwêgo nshîngwakírǔndi, ibikórwa vyó guhá agacîro Ikirǔndi nó kugítēza imbere biríko birakórwa.

Mu rwêgo nshîngwakírǔndi -urwêgo rujējwé gutêza imbere ururími rw’Íkirǔndi- ibikórwa vyó gutêza imbere nó kumenyēkanīsha Ikirǔndi biríko birakórwa kăndi bigeze kure. Pascal TUYǓBAHE, Umunyamabānga Nshîngwabíkórwa Ntayegáyezwa murí urwo rwêgo avuga kó gushika ubu, Ikirǔndi kiríko kirashírwa ku buhǐnga bwā nôné nka kurya kw’ízǐndi ndími. “Turíko turatôrorokanya amajāmbo atarí maké túyashira kurí ubwo buhǐnga kugira umūntu wëse azôbá akéneye ijāmbo ry’Íkirǔndi arisănge kurí ubwo buhǐnga’’.

Ku cěrekeye ivyăpa birāngá ibibănza cânké ahó imigămbi igenéwe Abarǔndi irāngûrirwa birí mū ndími mvâmahănga, P. TUYǓBAHE ntahakána kó ico kibázo bakǐzi. Ahǔbwo asigūra kó mu vyó baríko baratégūra arí ugukórana n’ábabíjējwe kugira bihīndúrwe. ‘’Mu migămbi dufisé, ni ugukórana n’ábajêjwe izo nzāndiko kugira kurí ivyo vyăpa hajekó indími 2 aríko Ikirǔndi kikaba arí co kīzá ubwā mbere hānyuma urwo rurími na rwó rukuríkire.’’
Na wé nyéne yēmeza kó ibikórwa vyöse bikorérwa mu Burǔndi vyērékeye abênegíhugu b’Ábarǔndi, bavugá kăndi bagatāhūrana mu Kirǔndi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *